Shalom !
Impinduka zabaye ku ntumwa inyuma y’imisi 10 y’amasengesho. Icice ca 2
2. Gukorera mû bushobozi.
Ivyakozwe n’intumwa 2: 40- 41 “Kand’ ashingisha intahe ayandi majambo menshi, arabahanura, ati Ni mwikize ab’ iki gihe kigoramye. 41 w Nukw abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kur’ uwo musi ku bari basanzweho bari nk’ibihumbi bitatu “.
Bamaze kwakira ubushobozi bwa Mpwemu Yera, babwiye abaje kubashengerera ivya Yesu bibacumita mû mitima, bamaze kumenya ko igikwiye ari ukwihana, haca hafata ingingo abantu ibihumbi bitatu.
Ibi bigaragaza ko ubushobozi bw’Imana bwari kuri bo kandi aho vyavuye ni mû masengesho.
Dutahure natwe ko gusenga bituduza mû bundi bushobozi tutari dusanganywe hanyuma tubikunde twongera tubikore.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO