Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Imana niyo ihitamwo icoshikana umuntu kuyihimbaza! 
Luka 23:44-47 Kandi hari nk’isaha zitandatu, ubgirakabiri bukorana mu gihugu cose, bushitsa mw isaha y’icenda, 45 p izuba ryazimanganye; igihuzu gikingiriza ahera cane h’urusengero gitantamukamwo kubiri. 46 q Yesu amaze gusemerera n’ijwi rirenga, aravuga, ati Data, mu maboko yawe ni ho nshize ubugingo bganje. Ahejeje kuvuga artyo aracikana. 47 Umugabisha w’abasoda ijana abonye ibibaye ahimbaza Imana, ati N’ukuri uyu muntu yar’ umugororotsi.
Ku Ntwazangabo y’abasoda ijana yari ihagarariye ibambwa rya Yesu, Imana yakoresheje ubwirakabiri no kubona ingene igitambara gikingira ahera gitabukamwo kubiri, bimushikana guhimbaza Imana.
Dusab’ Imana iduhitiremwo inzira zibereye zo kutwigisha buri musi kugira kuyihimbaza kwacu bicike ubuzima bwa misi yose.

 

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Loading