Shalom!
Ikigira 4 cazanye Yesu: Kumenyesha umwaka wo kwemererwamwo.
Abumviriza Yesu bari basanzwe bazi ivy’umwaka wa 50 witwa umwaka wa Yubile, umwaka wo guheberwa amadeni, umwaka wo gusubira umuntu wese mû vyiwe, umwaka w’umunezero.
Abalewi 25:12-13 “Kukw ar’ umwaka wa yubile; uze wame ubabera uwejejwe; muzotungwa n’ivyimeza vyo muri wo, vyimejeje mu ndimiro. 13 Mur’ uwo mwaka wa yubile umuntu wese muri mwebge az’ agaruke mw itongo ryiwe “
Yesu nawe yazanye ibihe vya Yubile mû mutima umwakiriye, aho haba guheberwa umwenda w’ivyaha umuntu yakoze, ibihe vyo gusubizwa ivyo Satani yononye mû buzima bw’uwakiriye Yesu, amahoro, umunezero n’umwidegemvyo kandi bibandanya, atari’ivy’imisi 365 igize umwaka usanzwe.
Mur’iyi misi turiko twibuka icazanye Yesu mw’isi, reka katubere akaryo ko gusubira guha agaciro iyi Yubile yesu yatangaje, twakire ukurabwa neza kwose ( faveur) twaronkejwe no Kwakira no kwizera Kristo Yesu.
Yohana 10:10 “Igisuma ntikizanwa n’ikindi, atar’ ukwiba, n’ukwica, n’ugutikiza; nanje jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke busagutse.“
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO