Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 

Ikigira 3 kiri mu vyazanye Yesu: Gutuma impumyi zihuhuka. 

Luka 4:18 ngo Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, Ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbgire aboro ubutumwa bgiza: Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe, N’impumyi ko zihumuka, No kubohora abanywagutse imitima.

Yesu akir’aha kw’isi yarahumuye impumyi zo mû buryo bw’umubiri. Yarahumuye uwavutse ari impumyi.

Yohana 9:5-7 Nkiri mw isi, nd’ umuco w’isi. 6 f Avuze ivyo, acira amate hasi, avurungisha amate utwondo, araheza amusiga utwo twondo ku maso; 7 aramubarira, ati Genda wiyuhagire mu kidengeri Silowamu; (Silowamu risobanurwa ngo Mutumwa). Nukw aragenda ariyuhagira, agaruka abona .

Inyuma y’ico gitangaza, Yesu yahishuye ko yaje ari agahinyuza ku babona n’abatabona.

V39″Yesu aravuga, ati Naje mur’ iyi si kuba agahinyuza, ngw abatabona babone, n’ababona babe impumyi .”

Hari ubundi buhumyi bwo mû buryo bw’impwemu nk’ubwari ku bafarisayo, bibaza ko babona ariko ari impumyi, kandi nibwo bubi cane kuko buhumanya umutima w’umuntu kuko bufatana n’ubuzima bw’icaha.

V 41 Yesu arababgira, at’ Iyo muba mwar’ impumyi, nta caha muba mufise, ariko noneho muvuga muti Turabona: icaha canyu camaho.

Dusab’Imana umuco w’ijambo ryayo wame utumurikira imisi yose kugira tubeho ubuzima bwo kwezwa niko kubona neza kwo mû buryo bw’impwemu Yesu adushakako.

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIK

Loading