Shalom !
Uyu musi tugiye kuraba igituma ububasha aribwo bukwiye kuza imbere yo kuja gukora.
1. Isi dukoreramwo ifise abayiganza.
Abanyefeso 6:12-13 “Kukw abo tunigana atar’ ab’ inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru. 13 k Kubg’ ivyo mwabire ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore kudatsindwa ku musi mubi , kandi ni mwaheza vyose mugahagarara mushikamye.”
2. Abo tuja guhindura tubakura mû minwe y’umunyenkomezi.
Mariko 3:27 “Kandi nta muntu yoshobora kwinjira mu nzu y’umuntu w’inkomezi kumusahura ibintu, atabanje kuboha wa munyenkomezi, maz’ akabona kumusahura ivyo mu nzu yiwe.“
Guhindura abantu n’urugamba rukomeye rwo mû buryo bw’Impwemu rusaba ko umuntu aba nawe ar’umunyenkomezi.
Nico gituma Yesu yabwiye abigishwa biwe kubanza kwakira ububasha bwiwe imbere yo kugenda gukor’ivy’abatumye.
Ivyakozwe n’intumwa 1:5 “Maz’ akoranye na bo, arabihanikiriza ngo ntibave i Yerusalemu, at’ Ariko murorere isezerano rya Data, iryo mwanyumvanye.“
V 8 ” ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako , muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi. “
Natwe dushir’imbere kwakir’ubushobozi buri musi imbere yo kuja gukora.
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO