Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Uyu musi tugiye kuraba igituma tudakwiye gutinya mu gihe Uhoraho twamugize ubuhungiro. 😀 

Zaburi 46:4-7Harih’ uruzi, amazi yarwo anezereza umurwa w’Imana, Ni wo hera har’ amahema y’Isumba vyose. 5e Imana iri hagati muri wo, ntuzonyiganyizwa ; Imana izowutabara mu mutwenzi w’amacaca. 6f Abanyamahanga bavugije urwamo, ibihugu vy’abami biravuguswe; Ivuze ijwi ryayo, isi irashonga. 7g Uhoraho Nyen’ ingabo ari kumwe natwe, Imana ya Yakobo n’ubuhungiro bgacu. Sela .

Ijambo ry’Imana riduz’ukwizera muri twebwe, iyo dutanguye kubaho ubuzima bushingiye kwizer’ijambo, ducika abantu bahimbara Imana, nayo ikaba muri twebwe, ikatuber’ubuhungiro.

Ikibazo ku bantu benshi, ukwizera kwabo ni ku munwa gusa kandi kwagomba kugaragarira mu bikorwa.

Vyomara iki ga bene Data, namb’ umuntu avuga yukw afise ukwizera, ata bikorwa akora? Mbeg’ ukwo kwizera kwoshobora kumukiza?
Yakobo 2:14  

Duter’intamwe mu kubaho ubuzima bushingiye kw’ijambo ry’Imana, nikwo kwiyubakira ubuhungiro bukomeye mu Mana.

Umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading