Shalom!
Igituma dukwiye kwiyambura ibituremera n’icaha(igice ca 2)
2. Har’ubuntu bwo kudushoboza.
TITO 2: 11-14 “Kuk’ ubuntu bg’Imana bgaserutse, buzanira abantu bose agakiza, 12 i butwigisha kwikunkumura ukutubaha Imana n’ukwifuza ivy’ isi, bukatwigisha kwama tudahugumba, tugororoka, twubaha Imana, mu gihe ca none, 13 j twitega ivyizigiro vy’amahirwe no kuzoseruka kw’ubgiza bga Yesu Kristo, ni we Mana yacu ihambaye n’Umukiza, 14 k yatwiguze kugira ngw aducungure, adukurekw ivyo twagabitanije vyose , kandi yihumanurire ubgoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry’ibikorwa vyiza .“
Kristo amaze kuronka ikibanza igikorwa c’ubuntu kiba gitanguye muri twebwe. Ubwo buntu bukadushoboza kwikunkumura ibidakwiriye vyose, bukadushoboza kuba icibare c’Imana no kurwana ishaka ry’ibikorwa vyiza!
Turangize iri yinga turondera gushika kure mu gukorerwa n’ubwo buntu kuko isezerano rihari ryo gushishikara dukorerwa n’ubwo buntu.
Kuvayo 33:17-19 “Uhoraho yishura Mose, ati N’ico uvuze na co ndagikora, kuko nakugiriye ubuntu, nkakumenya izina. 18 k Mose aramwishura, ati Ndakwinginze, nyereka ubgiza bgawe. 19 l Uhoraho aramwishura, at’ Ukugira neza kwanje kwose nzogucisha imbere yawe, nivuge mw izina ko nd’ Uhoraho nd’ imbere yawe; kandi nzogirira ubuntu uwo nzobugirira , ngirire n’ikigongwe uwo nzokigirira.“
Week-end nziza!
Pasteur Cassien NIKO