Shalom !
Igituma dukwiye gusenga mu gukora ic’Imana itwitezeko.
Niyo itegura aho dukorera, ikatubwira ico gukora, ikongera igakorera muri twebwe.
Matayo 28:18-20“Yesu arabegera, arababgira, ati Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi. 19 j Nuko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa, mubabatiza mw izina rya Data wa twese n’iry’ Umwana n’irya Mpwemu Yera; 20 k mubigishe kwitondera ivyo nabageze vyose. Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.“
Imbere yo gutuma abigishwa yabanje kwakira ububasha bwose aho yagira abatume, abatuma guhindura amahanga, kandi abamenyesha ko ari kumwe nabo.
Amaze kubibamenyesha baciye baja kwiyugaranira ahantu imisi 10 basenga, bahava ubwo bubasha Yesu yababwiye nabo bubaye muri bo babona kuja ku kivi kandi Imana yabakoresheje ibikomeye.
Ivyakozwe n’intumwa 1: 8“ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.“
Uwuja gushika kure aritaza, birakenewe ko natwe dufata akanya ko kwakira ubushobozi mu gusenga, tugatahura neza ic’Imana ishaka ko dukora uyu mwaka, tukaronka n’icemezo ko Imana igiye gukorera muri twebwe.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO