Shalom ! Dukomez’icirwa co gukorera mû rukundo rw’Imana !
Uyu musi turabe insobanuro y’iki cirwa.
Igikorwa cose umuntu akora kiba gifis’igituma uwo muntu agikora ( motivation). Iyo mvo rero inyegeje (motivation) niy’Imana isuzuma igatuma igikorwa kigir’agaciro imbere y’Imana canke ntikigire agaciro.
Gukorera mû rukundo rw’Imana birangwa n’ibi bikurikira:
1 Ab’i korinto 13:4-7 “Urukundo rurihangana, rugira neza, urukundo ntirugira ishari, urukundo ntirwihayagiza, ntirwihimbaza, 5 c ntirukora ibiteye isoni, ntirurondera ivyarwo, ntirwiciraho, ntirwiyumvira ikibi ku bantu, 6 d ntirunezererwa ukugabitanya kw’abandi, ariko runezeranwa n’ukuri: 7 e rurenzako muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose.”
Ikibazo wokwibaza uyu musi: Mbega ivyo nkora biba bisunitswe n’umutima w’urukundo nk’uko iyo mirongo dusomye irusobanura?
Ni wasanga ufis’uwo mutima ushim’Imana, ni watsindwa naho usab’Imana iguhindure.
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO