Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Igikorwa c’Imana gituma umuntu agira agaciro.
Yohana 9:8-9 “8 Nukw ababanyi biwe, n’abahora bamubona kw ar’ umusezi, barabazanya, bati Mbeg’ uyu si we yahora yicaye asegerereza? 9 Abandi bati Ni we; abandi bat’ Oya, n’uwo basa. Na we arababgira, ati Ni jewe.
Yesu amaze guhumura uwavutse ari impumyi kandi w’inkengerwa kuko yaratunzwe no gusegerereza, ababanyi biwe n’abahora bamubona baratangaye bituma baca bugufi abasobanurira ivyamubayeko.
Iyo duhaye akaryo Imana igakora, bituma tugira agaciro ku bantu kuko tuba dufise ico twobwira abandi bakadutega amatwi yompi kuko gushinga intahe tuvuga ivy’Imana yakoze ku mugaragaro birahimbaye. Vyubaka uwabikorewe, bikubaka abumva, Imana nayo ikamamara bikayihesha icubahiro.
Dusab’Imana ukubaho kwacu kwamemwo intahe imisi yose y’ivy’Imana ikora. Ivyo navyo bihagaze kuri twebwe ingene twisung’ikomezi z’Imana muvyo dukora.
Zaburi 84:5-6 Hahirwa umuntu inkomezi ziwe zihagaze muri wewe, Hahirwa abafise mu mitima amarango aja i Siyoni. 6 e Iyo baciye mu mwonga witwa Marira, bawuhindura ahantu h’amariba,
Mber’ imvura y’intasuro iwambika imigisha.

Loading