Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Turangiz’iri yinga, tugiye kuraba ico kwitwararika buri musi kugira twakire ugutoneshwa n’Imana.

Umutima utanduye ( un coeur pur)

Matayo 5:8 Hahirwa abafise imitima itanduye, kukw ari bo bazobona Imana.

Umutima utanduye ni umutima utumbereye Imana ( un coeur orienté vers Dieu)

Uwo mutima niwo Esteri yarafise utuma arenguka imbere y’umwami atamutumyeko kandi ntiyapfa kuko Imana yarabona ko yahevye amagara yiwe ngo asabire ubwoko bwiwe.

Esiteri 5:1-3 Bukeye ku musi ugira gatatu, Esiteri yambara imyambaro yiwe y’ubgamikazi, aragenda ahagarara mu karusha ko ku ngoro y’umwami, aharabana n’iyo ngoro nyene; kand’ umwami yar’ avyagiye ku ntebe yiwe y’ubgami mu ngoro, atumberanye no mw irebe. 2 a Nuk’ umwami abonye umwamikazi Esiteri ahagaze mu karusha, Esiteri agira ubutoni imbere yiwe; umwami atunga Esiteri inkoni y’izahabu yar’ afise mu minwe. Maze Esiteri aca yigira hafi, akora ku mutwe w’iyo nkoni. 3 b Nuk’ umwami aramubaza, at’ Uragomba iki ga mwamikazi Esiteri? Urasaba iki? Ndakiguha, n’iyo coba igisate c’igihugu canje.

Uwo mutima kandi niwo Daniyeli yarafise bituma atona imbere y’uwabagaburira akora ivyo Daniyeli amusavye.

Daniyeli 1:8-9 Maze Daniyeli agira imigabo mu mutima kutazokwihumanisha ivyo kurya vy’umwami, cank’ igiturire yuhira: ni co catumye yinginga uwo mukuru w’inkone, kugira ngo ntiyihumanye. 9 e
Nukw Imana ituma Daniyeli akundwa n’umukuru w’inkone, amutera imbabazi.

Dusab’Imana buri musi umutima utunganye, ibisigaye isezerano ryo gutoneshwa rirahari.

Imigani 12:2 Umunyangeso nziza atoneshwa n’Uhoraho, Arik’ umuntu w’imigabo y’ibibi Uhoraho azomucirakw iteka.

Week-end nziza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading