Shalom !
Turangiza iri yinga, turabire hamwe ico gukora uburi musi ngo tugendere mû bubasha twasezeraniwe.
1. Guha ikibanza Yesu mû rugendo rwa buri musi.
Matayo 28:20b “Umve, ndi kumwe namwe imisi yose, gushitsa ku muhero w’isi.“
Yesu niwe nyen’ububasha iyo tumutumiye buri musi arabana natwe akatuneshereza muri vyose. Ntaco twobasha gukora tutamufise. Yohana 15:5 “Ni jewe muzabibu, namwe mur’ amashami: uguma muri jewe, nanje nkaguma muri we, uwo ni we yama cane, kukw ataco mubasha gukora mutamfise.“
2. Kutishimikiza ikindi kintu atar’Imana.
Yesaya 40: 28-31 “Ntiwaribgabimenye? Nturavyumva? Uhoraho n’Imana ihoraho, Umuremyi w’impera z’isi; ntadendebukirwa, nta ho aruha; ubgenge bgiwe ntibuserangurika. 29 Ni we aha inkomezi abadendebukiwe, kand’ utagira intege amwongeramw’ inkomezi. 30 Imisore yonadendebukirwa, ikaruha, n’imisore y’imikangara yokwicakw igatemba, 31 w arikw abiteze Uhoraho bazokwama biyubura mu nkomezi nsha; bazodugisha amababa nk’inkukuma v, biruke ntibaruhe, bagende ntibadendebukirwe .“
Dusab’Imana ivyizigiro vyacu vyose tubitumbereza kuri yo kugira tugendane inkomezi imisi yose. 😀
Week-end nziza!
Pasteur Cassien NIKO