Shalom !
Ico gukora buri musi ngo tugume muri Yubile Yesu yatuzaniye.
1. Gusom’ijambo ry’Imana buri musi.
Yohana 8:32 “kandi muzomenya ukuri, kand’ ukuri kuzobaha kwidegemvya.“
Ijambo ry’Imana nikwo kuri. Niryo ritwigisha kuremeka Yesu ibituremereye vyose, tukakira akaruhuko ko mû mutima buri musi.
Matayo 11:28-29 “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura; 29 x mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu .“
2. Gusenga.
Abo i Filipi 4:6-7 “Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka. 7 f Maz’ amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu.“
Turafis’aho dusohorera ibiri ku mitima yacu yose vyaba bibi canke vyiza kandi tukabikora ata nkurikizi, ni imbere y’Imana.
Abaja nta jambo bafise kandi nta burenganzira bafise, nta n’ikibanza bafise bwo kwerekana ikibabaje, Yesu yaduhaye ubwo burenganzira, n’ikibanza(espace) twari twaratakaje kubw’icaha ( yohana 8:34 “Yesu arabishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ukora icaha wese n’umuja w’icaha .“
Umusi wose utwinjize mu karuhuko n’umwidegemvyo Kristo yatuzaniye.
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO