Shalom!
Ico gukora buri musi ngo tuguman’imigenderanire myiza hagati yacu n’Imana.
1. Kurinda imitima yacu.
Imigani 4:23-24 “Rinda umutima wawe kurusha uko worinda ikindi cose, Kukw ari ho ubugingo bududubiriza. 24 Wikurekw akanwa kagoreka, N’iminwa ihushagirika uyishire kure yawe.“
Tugomba kurinda imitima yacu cane mû kwikurako ukwiyanduza kwose biciye ku rurimi.
2. Gukoresha neza ububasha bw’ururimi.
Imigani 18:20-21 “Inda y’umuntu ihazwa n’ibivuye mu kanwa kiwe, Kand’ azohaga ukugwira kwo mu minwa yiwe. 21 Urupfu n’ubugingo biri mu bubasha bg’ururimi, Kand’ abarukunda bazorya ivyo rwamye.“
Iman’idushoboze guhitamwo ubugingo mû gukoresha neza indimi zacu.
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO