Shalom!
Uyu musi tugiye kuraba ico gukora buri musi ngo dushobore gutanga ivy’Imana yadushizemwo.
1. Kwiha Imana.
2 Timoteyo 2:15 “Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk’uwamaze kurama, umukozi atarinda guteterwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri.“
Kwih’Imana nikwo gukomera kuko bituma muri twebwe twakira ubuzima bw’Imana, kamere y’Imana no gushobora kw’Imana.
Yesu ubwiwe yarabivuze ko dushobora kwama mû gihe tunywanye nawe nk’ukwishami riba ku giti ariryo ryama.
Yohana 15:5 “Ni jewe muzabibu, namwe mur’ amashami: uguma muri jewe, nanje nkaguma muri we, uwo ni we yama cane, kukw ataco mubasha gukora mutamfise.“
2. Kwitandukanya.
2 Timoteyo 2:21 “Umuntu ni yiyeza, akitandukanya n’ivyo, azoba igikoreshwa c’icubahiro, cejejwe, kigirira nyene co ikimazi, catunganirijwe igikorwa ciza cose.“
Kugira Imana idukoreshe tubigiramwo uruhara rwo kwishira ku ruhande, tukaba tuhari kubw’umuremyi wacu kugira adukoreshe uko ashatse no mû gihe cose adukeneye.
Kwiha Imana no kwitandukanya dukwiye kubikora buri musi ngo tube abantu b’ikimazi imbere y’Imana.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO