Shalom!
Ico guhishurirwa igikorwa ca Kristo bidufasha. Igice ca 3.
3. Twakira ubushizi bw’amanga bwo kuganira n’Imana.
Abaheburayo 10:19-22″Nuko bene Data, ko turi n’ubushizi bg’ubgoba bgo gushikanwa ahera cane n’amaraso ya Yesu, 20 j duciye mu nzira yadutoboreye nsha iri n’ubugingo, ica mu gihuzu gikinze, bisobanurwa ngo mu mubiri wiwe; 21 k kandi ko dufise umuherezi akomeye aganza urugo rw’Imana, 22 twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.“
Kubwa Kristo twaronse uburenganzi bwo gusubira gucudika n’Imana kuko umusi acikana igihuzu catubuza kubona ahera cane nico cabanje gutabuka imbere y’uko haba ibindi.
Matayo 27:51″ Igihuzu gikingiriye ahera cane h’urusengero gitantamukamwo kubiri, uhereye hejuru ugashitsa hasi; isi iratigita; ibitandara birasaduka;“
Uyu musi umuntu wese arafise umwidegemvyo wo kwishikira imbere y’Imana ata wundi aciyeko kuko Yesu arico catumye atanga umubiri wiwe uratabagurwa.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO