Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Ico guhishurirwa igikorwa ca Kristo bidufasha. Igice ca 1 & 2.
1. Duha agaciro urupfu rwiwe.
Yesaya 53:4-6 N’ukuri n’izacu ntimba yishizeko, n’iyacu mibabaro yikoreye; ariko tweho twamwiyumviriye nk’uwakubiswe, nk’uwacumiswe n’Imana, akicurikirizwa n’akabonge. 5 e Yamara yacumitiwe ivyacu bicumuro, yajanjaguriwe ivyacu bigabitanyo: igihano kituronkesha amahoro cabaye kuri we, kand’ imishishagu yiwe ni yo idukiza. 6 f Twese twazimiye nk’intama, twese twagiye isabagire, umuntu wese mu nzira yiwe; Uhoraho amuremeka ukugabitanya kwacu twese.
Kwihererezako ivyo Yesu yakoze no kubiha ikibanza mu kubaho kwacu, nikwo guha agaciro urupfu rwiwe kuko yatanze ubuzima bwiwe kubwacu.
Iyo twakiriye amahoro twisunze igihano camubayeko, tugakira twisunze imishishagu yiwe, tukakira ukwidegemvya guhagaze mu kumukorera ibituremereye vyose, ngo biramuruhura.
V11″ Abonye ibiva mu bise vy’ubugingo bgiwe, bizomuhaza; umushumba wanje agororoka azotuma benshi baheshwa ukugororoka no kumumenya ; kand’ azokwishirak’ ukugabitanya kwabo.”
Reka iyi Pasika idushikane aho umutima wa Kristo uzoruhutswa no guha agaciro urupfu rwiwe.
2. Duha intumbero nziza ukubaho kwacu.
2 Abo i Korinto 5:14-15 ” Kuk’ urukundo rwa Kristo rutugobera, kand’ ico tuzi tudakekeranya n’uk’ umwe yapfiriye bose, nuko rero bose barapfuye. 15 l Kand’ icatumye apfira bose kwar’ ukugira ngw abariho babeho batacinezereza, ariko babeho banezereza uwabapfiriye, akabazukira.
Guhishurirwa igikorwa ca kristo nikwo gutuma tumenya impamvu turiho, no kurengera ivyo kwinezereza, tugashika ku kurondera kunezereza uwadupfiriye akatuzukira!
Urukundo Kristo yadukunze, tumaze kurwakira muri twebwe, ruratugobera, rukaduha kwumva ko Kristo tumufitiye umwenda ( ideni) ryo gukora ivyo ashaka kubwo gutahura ko ataco tuba turi iyo atemera kwitanga kubwacu.
Abanyefeso 2:6-7 yatuzuranye na we, itwicarikana na we ahantu ho mw ijuru, turi muri Kristo Yesu, 7 f kugira ngo mu bihe bizoza ize yerekane itunga rihebuje ry’ubuntu bgayo mu kutugirira neza muri Kristo Yesu.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO

Loading