Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Ico dusabwa kugira tubone izindi nzira z’Imana.

1. Kuja ku rundi rugezo rw’impwemu.

Kuvayo 34:2 Ejo mu gatondo buce witeguye, uz’ uduge umusozi Sinayi mu gatondo, urenguke imbere yanje ku gatwe k’uwo musozi.

 Imana imaze kumwemerera Mose kumwiyereka, yamusavye kuduga ku musozi. 

Natwe dukwiye gutahura ko Imana ironderwa kandi ikabonwa. Imana ni Mpwemu, biradusaba kuja ku rundi rugezo rw’Impwemu kugira itwereke inzira zayo.

Imigani 8:17 Nkunda abankunda, Kand’ abandondera ubudahumeka bazombona.

2. Kwihererana n’Imana.

Kuvayo 34:3 Ntihaze hagire umuntu mudugana, canke ngo hagire umuntu n’umwe azoboneka kur’ uwo musozi wose, kandi ntihaze hagire imikuku cank’ amasho birisha hafi yawo.

Mose yasabwe kuduga wenyene kugira babane n’Imana ari bonyene.

Iyo dushaka kubona Imana biradusaba rimwe na rimwe kuba twenyene nayo gusa. Iyo tuyihaye akaryo nk’ako ntireka kutwiyereka.

Itanguriro 32:22-24 Avyuka mur’ iryo joro, ahitana abagore biwe bompi n’incoreke ziwe zompi n’abana biwe ukw ar’ icumi n’umwe, ajabuka icambu ca Yaboki. 23 Arabajana, abajabutsa uwo mugezi, ajabutsa n’ivyo yar’ afise vyose. 24 Maze Yakobo asigarayo wenyene. Haza umugabo, baranigana, bashitsa mu mutwenzi.

Imana irashaka kutwiyereka, tuyihe akaryo.

Umusi mwiza! 

Pasteur Cassien NIKO  

Loading