Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom!  

Dukomeze icirwa twatanguye ejo cerekeye Ishengero.

Uyu musi tugiye kuraba insobanuro y’Ishengero.

Hari insobanuro nyishi aho bamwe bafata ishengero nk’inyubako iboneka ( ingoro) n’aho Ishengero ari ihuriro ry’abantu.

Turaza kuguma mû gisomwa aho Yesu avuga Ishengero avuga ku bantu.

Matayo 16: 15-18  Arababaza, at’ Ariko mweho, mugira ngo ndi nde? 16 m Simoni Petero aramwishura, at’ Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima. 17 n Yesu aramwishura, at’ Ur’ umuhirwe, Simoni mwene Yona, kukw ata w’inyama n’amaraso yabiguhishuriye, ariko ni Data wo mw ijuru. 18 p Nanje ndakubgira yuk’ uri Petero o, kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’ amarembo y’i kuzimu ntazorishobora.

Hano Yesu yigereranije n’urutare mû gihe Petero agareranwa n’ibuke rikoreshwa kwubaka ku rutare.

Petero yaronse iryo zina amaze kugira ihishurirwa ko Yesu ari Kristo, umwana w’Imana nzima.

Aha dushobora kuvuga ko iyo umuntu amaze guhishurirwa ko Yesu ari uwasizwe, akamwizera akongera akamwakira nk’umwami n’umukizwa arakizwa

Abaroma 10:9-10  Kuko ni waturisha akanwa yuko Yesu ar’ Umwami, ukizera mu mutima yukw Imana yamuzuye imukuye mu bapfuye, uzokizwa. 10 Kuk’ umutima ari wo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka: kand’ akanwa akaba ari ko yaturisha, akaronka agakiza.

Ishengero Yesu yubaka n’ihuriro ry’abamaze kwizera Kristo bakamwakira nk’umwami bakemera kuganzwa nawe.

Dusab’Imana iduhe iryo hishurirwa nk’uko yabikoreye petero.

Umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading