Shalom !
Turakomeza kuraba ibituma tudakwiye gutinya ( igice ca gatatu)
Yesaya 43:10d “mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje .”
Muvyo duhura mû rugendo bikagomba kutwica, Imana niyo ituramira ntidupfe tutararangiza ico iduhamagarira gukora nk’uko yabikoze kuri Samusoni.
Abacamanza 15:16-19 “Maze Samusoni aravuga, at’ Urwasaya rw’indogoba ndarurundishije ibirundo n’ibirundo, Urwasaya rw’indogoba ndarwicishije abantu igihumbi!
17 h Ahejeje kuvuga artyo, ashibura rwa rwasaya yar’ afise mu minwe; aho hantu haca hitwa Ramati-lehi g. 18 Agwa umwumwa, atakambira Uhoraho, ati Jewe umusavyi wawe ko wampaye uku kunesha gukomeye, none nicwe n’inyota, ngwe mu maboko y’abatakebge? 19 Maz’ ikinogo car’i Lehi Imana iragisatura, amazi aradudubiza; nukw amaze kunywa, udutege turagaruka, arahembuka. Ni co catumye bacita Eni-hakore i: kiracar’ i Lehi na bugingo n’ubu.“
Samusoni yasenz’Imana agiye kwicwa n’i’nyota inyuma yo kwica abantu igihumbi, Imana ic’imutoborera iriba ry’amazi, aryita iriba ry’uwutakamvye.
Imana yacu iraramira abayitakambiye bari mû bikomeye ikabaramira.
Niyo kandi yaramiye Ishimayeli agiye gupfa.
Itanguriro 21:17-19 “Imana yumva ijwi ry’uwo muhungu; maz’ umumarayika w’Imana ari mw ijuru, ahamagara Hagari, aramubaza, at’ Ubaye iki ga Hagari? Nta co utinya! kukw Imana yumvise ijwi ry’uwo muhungu ah’ aryamye. 18 k Va hasi, uvyure uwo muhungu, umuramire mu maboko, kuko nzomuhindura ihanga rikomeye. 19 l Imana ihumura amaso yiwe, abona iriba ry’amazi; aragenda, yuzuza wa mukuza amazi, aramiza uwo muhungu .“
Birashoboka ko nawe ukeneye kw’Imana ikuramira muvy’uriko uracamwo, ntutinye takambir’Imana irakuramira.
Zaburi 50:15 “Uz’ unyambaze ku musi w’amagorwa, Nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro.“
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO