Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom !

Ibituma Imana idukangira :

1. Kubera ko idukunda .

Abaheburayo 12:5-6″kandi mwibagiye rya jambo ribahubura ribahanura nk’abana,
ngo Mwana wanje, ntugaye igikangiro c’Uhoraho,
Kandi ntudendebukirwe ni yaguhana.
6 e Kuk’ uwo Uhoraho akunda ari we akangira,
Kand’ aramagura uwo yemera wese kw ar’ umwana wiwe.”

Imana ni umuvyeyi mwiza. Nta muvyeyi n’umwe akunda umwana mwiza yokwifuza kubona umwana wiwe yitwara uko ashatse, agakora amakosa uko ashatse. Agerageza kumuha indero nziza kugira umwana akure akunda gukora ibintu vyiza nk’umwana yarezwe koko.

Naho uwo mwana ashobora kubabara mur’uwo mwanya ariko arakangirwa umuvyeyi aramenya ko ariko aramutunganiriza kazoza kazotuma umwana abimushimira amaze yakura.

V11″Nta gikangiro kiboneka ko giteye umunezero ako kanya, atar’ umubabaro, ariko hanyuma abamenyerejwe na co kibamira imbuto zizana amahoro zo kugororoka.”

Dukunde igikangiro ca Data wa twese nico kiturinda kuyitukisha mu kubaho kwacu.

2. Kugira tube abantu bayo kandi bashitse.

2 Timoteyo 3:16-17″Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka: 17 n kugira ng’ umuntu w’Imana abe ushitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose.”

Umuryango wose urafise ingene utunganya abawo n’ingene ubarera bivanye n’ivyo baha agaciro.

Natwe tur’umuryango w’Imana. Imana nayo ishima kutureresha ijambo ryayo yaduhaye kugira ridukuze, ritwigishe, riduhane, ridutoze indero nziza mu kugororoka, tubone kuba abantu bayo bashitse.

Nico gituma iyo dusoma ijambo ry’Imana dutegerezwa kwama turyihererezako tukarizirikana kugira ivyacu bigende neza.

Yosuwa 1:8″Ibiri mur’ ico gitabo c’ivyagezwe ntuz’ ubikure mu kanwa kawe; arik’ uze wame ubirimbura ku murango no mw ijoro, kugira ng’ubone kwitondera ivyanditswemwo vyose; ni ho ivyawe bizogenda neza, ukagira amahirwe

3. Kugire turonke ubwenge ( Sagesse)

Imigani 3: 11-18″Mwana wanje, ntugaye igikangiro c’Uhoraho,Kandi nturambirwe n’uguhana kwiwe:
12 Kuk’ uwo Uhoraho akunda ari we ahana,Nk’uko se w’umwana nyene ahana umwana wiwe anezererwa.13 Hahirwa umuntu yironkera ubgenge,
N’umuntu aronse ugutahura.14 k Kukw inyungu zabgo ziruta iz’ ifeza,Kand’ ivyo bgunguka biruta izahabu zitarimw’ inkamba.
15 Burusha igiciro utubuyenge twitwa marijani: Kandi mu bihimbara vyose nta kintu gihwanye na bgo.16 l Ukuramba kuri mu kuboko kwabgo kw’i buryo,
Mu kubamfu kwabgo harimw’ ubutunzi n’icubahiro.17 Amayira yabgo n’amayira y’igikundiro,Kand’ inzira zabgo zose n’iz’ amahoro.
18 m Bubera igiti c’ubugingo ababucakira:Hahirwa umuntu wese abgumirako.”

Ubwenge ( sagesse) ni ingabira iva ku Mana ituma dutunganya neza ubuzima bwacu.

Igikangiro c’Imana kidufasha kuyubaha, kuyimenya, kwubahiriza amategeko iduha, kwubaha ibiremwa vyayo harimwo n’umuntu, kwirinda ubupfu,…..

Igikangiro c’Uhoraho nico guha agaciro.

Yobu 5:17″Hahirwa umuntu Imana ihana:
Nuko rero ntukagaye igikangiro c’Ushobora vyose.”

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Loading