Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Tugiye kuraba ibituma dusabwa guha agaciro umusi tuba tugezemwo (l’aujourd’hui).

1. Ico tuzoba ejo kivana n’ingingo dufata uyu musi !

Daniyeli 1:8 Maze Daniyeli agira imigabo mu mutima kutazokwihumanisha ivyo kurya vy’umwami, cank’ igiturire yuhira: ni co catumye yinginga uwo mukuru w’inkone, kugira ngo ntiyihumanye.

Ingingo Daniyeli yafashe muri kubu k’ico gihe, niyo yahavuye imushikana kuri kazoza keza ko gukomera, no gushingir’intahe Imana mû buryo bukomeye, bituma ashirwa hejuru muri Babiloni.

Tugomba gutahura ko uko twitwara uyu musi gufis’uruhara rukomeye kuco tuzoba ejo.

Umuntu mû buzima abaho mû gihe co kubiba n’ico kwimbura. Iyo utariko urabiba, uba uriko urimbura kuco wabivye ari kibi canke ari ciza.

Ab’i Galatiya 6:7-10 Ntimuzimire: Imana yo nticokorwa; kukw ic’ umuntu abiba cose ari co azokwimbura. 8 e Ubiba mu buryo bg’umubiri azokwimbura ukubora mu mubiri; arik’ ubiba muri Mpwemu azokwimbura muri Mpwemu ubugingo budashira. 9 f Twame dukora ivyiza, ntiducobogore, kukw igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa. 10 g Nuko rero, iyo turonse uburyo, tugirire bose neza, cane-cane ab’ inzu y’abizera.

2. Imana inagura ukugira neza kwayo buri musi.

Gucura Intimba 3:21-23 Ibi ni vyo nibuka, bikantera ivyizigiro:22m N’ukw imbabazi z’Uhoraho ari zo zatumye tudaherengetezwa, kukw ikigongwe ciwe kidahera : 23 n Cama ari gisha uko bukeye ; ingen’ ar’ umwizigirwa biratangaje.

Imana ntiturabira muri kahise, buri gitondo itubona tur’abantu bashasha, niyo mpamvu dukwiye kuzinduk’imbere yayo tuyishimira ko turi bashasha imbere yayo kuko imbere yo kuryama tuba twasavy’imbabazi ku biba vyatugoye ejo hahise, tukavyuka turi bashasha twakira bishasha.

N’uyu musi rero witegura gushobora ivyakunaniye ejo, wakire ubuntu n’ukugira neza Imana yaguteguriye uyu musi. 

Twige gutegura neza umusi wose Imana iduhaye.

Umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO 

Loading