Shalom !
Ibituma dukwiye kwimenyereza gukoreshwa n’Imana ( igice ca 2)
- Niyo iduha ivyo gukora ikongera ikadukoresha.
Ivyakozwe n’Intumwa 3:1-8 «Petero na Yohana bariko baraduga baja mu rusengero mu gihe co gusenga, ni co saha cenda. 2 a Har’ umuntu yaremaye ibirenge uhereye kuva mu nda ya nyina, yama aterurwa, bakamushira kw irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza uko bukeye, kugira ngw asege abinjira mu rusengero. 3 Uyo abonye Petero na Yohana bagira binjire mu rusengero, arabasega ngo bamuhe. 4 b Petero amuhanga amaso, bo na Yohana, aramubarira, ati N’uturabe. 5 Abashirak’ umutima agira ngo har’ ico bamuha. 6 c Petero aramubarira at’ Ifeza n’izahabu nta vyo mfise, arikw ico mfise ndakiguha: mw izina rya Yesu Kristo Umunyanazareti, va hasi utambuke. 7 Maz’ amufata ukuboko kw’i buryo, amukura hasi: ako kanya ibirenge vyiwe n’ingingo zavyo bica birakomera, 8 d arabaduka arahagarara, atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka yitera hejuru, ahimbaza Imana»
Imana niyo yashize ku nzira ya Petero na Yohana uyu muntu w’ikimuga kandi ibaha n’amavuta yo ku kumukiza mw’izina rya Yesu.
Reka natwe kubw’ibi bihe bishasha, Imana yugurure amaso yacu tubone ivyo gukora yongere iduhe n’amavuta yo kubikora kubw’icubahiro cayo.
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO