Shalom!
Ibituma dukwiye kuririmbira Uhoraho indirimbo nsha.
1. Kuko Uhoraho ahambaye.
Zaburi 96:4-6 “Kuk’ Uhoraho ahambaye, abereye gushimwa cane: N’uw’ igitinyiro kuruta ibigirwamana vyose. 5 e Kukw ibigirwamana vyose vy’amahanga ar’ ubusa, Arik’ Uhoraho ni we yaremye amajuru. 6 Icubahiro n’ububasha bir’ imbere yiwe, Ubushobozi n’igikundiro bir’ ahera hiwe.“
Tugomba guhimbaza Uhoraho kuko ari Nyakubahwa, arabikwiriye, ni we yeremye vyose, icubahiro, ububasha n’ubushobozi, vyose n’ivyayo.
Nimba duha icubahiro gikwiriye bâ nyenicubahiro bo mw’isi tutaravye ko tubakunda canke tutabakunda, niko Uhoraho tugomba kumuha icubahiro kirengeye ico duha abantu kuko ari hejuru y’abo bubahwa!
2. Ni twebwe vyabona vyiwe.
Yesaya 43:10 “Ni mwebge vyabona vyanje, ni k’Uhoraho agize, n’abasavyi banje natoranije, kugira ngo mummenye kandi munyizere, kandi mutahure ko nd’ uwo ndi we: nta mana yigeze kubumbga hirya yanje, kandi nta yizonza mu nyuma.“
Uwo Imana yiyeretse, ni icabona co gushingir’intahe ic’Imana iri. Dufis’umwenda ukomeye wo guha Imana icubahiro kiyikwiriye imisi yose.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO