Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Ibituma dukwiye kuririmbira Uhoraho indirimbo nsha. ( igice ca 3).

4. Kuko kugeza n’ubu Uhoraho adutabara.

1 Samweli 7:10-14 Samweli akirikw arosa ico kimazi, Abafilisitiya begereza Abisirayeli ngo bashireko, barwane. Arik’ Uhoraho kuri nya musi nyene aturikira hejuru y’Abafilisitiya guturagara guhambaye, abaca umuhongo; Abisirayeli ni kwo kubanesha. 11 Ingabo z’Abisirayeli ziva i Misipa, bakinagiza Abafilisitiya babica ingenda kurinda bashika musi y’i Beti-kari. 12 i Maze Samweli yabira ibuye, arishinga hagati y’i Misipa n’i Sheni, aryita Ebenezeri, ati Kugeza n’ubu Uhoraho aradutabaye. 13 j Uko ni kw Abafilisitiya batsinzwe, ntibasubira kurenga urubibe rw’Abisirayeli; mbere mu gihe ca Samweli cose ukuboko kw’Uhoraho kwama gushikamiye Abafilisitiya. 14 Kand’ ibisagara vy’Abisirayeli vyari vyaranyazwe n’Abafilisitiya barabisubizwa, uhereye i Ekuroni ugashisa i Gati, mber’ Abisirayeli bakura igihugu cabo mu bubasha bg’Abafilisitiya.

Nk’uko Uhoraho yatabaye Ab’isirayeli ikabakura mû gahahazo k’abafirisitiye bari bamazemwo imyaka 40, niko Uhoraho n’uyu musi agenda adutabara akadukura mu gahahazo ka Satani.

Umusi Uhoraho yabikora Samweli, mû kanwa ka Samweli hasohotse ijambo Ebenezeri risobanura ibuye ryo gutabarwa.

Ico gihe Abafilisitiya ntibasubiye kurenga urubibe ngo batere Isilayeli, abisirayeli basubizwa ibisagara bari baranyazwe.

Twibuke natwe ingene Uhoraho yadutabaye, akadusubiza ivyo twari twaranyazwe tumuhimbaze. Ebenezeri ” Kugeza n’ubu Uhoraho aradutabaye”

Umusi mwiza! 

Pasteur Cassien NIKO  

Loading