Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Tukomeze kuraba ibituma dukwiye guha agaciro umusi tugezemwo (igice ca kabiri)

3. Imana yihishura buri musi.

Yeremiya 32:26-27 Maz’ ijambo ry’Uhoraho riza kuri Yeremiya, 27 q rit’ Ehe nd’Uhoraho, Imana y’abariho bose: mbega har’ ikintu na kimwe kinnanira ? “

Umusi wose uzanana n’ivyawo, kandi nta musi usa n’uwundi. Abarundi barayamaze bati”imisi irasa ntingana“.

Igihimbaye, Imana ni iya buri musi, yiteguye kutwiyereka buri musi mû gutora ibibazo vya buri musi, ngo natwe turushirize kubona ubwiza bwayo buri musi, ngo twamane amashimwe n’amatazirano ya buri musi.

2. Akenshi mû kwivuga ikoresha NDI…( Je suis)

Kuvayo 3:14 Imana yishura Mose, iti NDI UWO NDI WE: kandi, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, uti NDIHO yabantumyeko.

Mû rurimi rw’igifaransa, yaba NDI canke NDIKO ni ” JE SUIS” irivuga kuba muri kubu.

Ugiye kuraba umuntu umwe yamwibwira uburyo butandukanye bivanye n’ivy’arimwo, ariko hose yatangurira kuri NDI/ Ni jewe…, Je suis….

Akarorero kuri Aburahamu.

Itanguriro 15:1b Aburamu, nta co utinya: ni jewe nkinzo yawe, uzohabga impera ikomeye cane.

Itanguriro 15:7a Aramubarira, ati Ni jewe Uhoraho

N’uyu musi dutahure ko Imana yiteguye kutwihishurira bivanye n’ivy’umuntu wese arimwo, yitwa NDIHO, irahari kandi izokwamaho. Ibi izi ivyo ducamwo buri musi kuko kazoza kacu Kari mû minwe yiwe kuko itwitangir’imbere ngo idutunganiriza inzira.

Yesaya 45:2 nti Nzoja imbere yawe, kand’ ahar’ uduhogoro nzohasena; nzomenagura inzugi z’imiringa, nzovunagura ibihindizo vy’ivyuma:

Umusi mwiza!  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading