Shalom!
Ibituma dukeneye urukundo rw’Imana mû buzima bwacu. Igice ca 3
3. Nirwo rutuma dukorer’Imana kwacu kuba ukw’Ikimazi.
Abaroma 12:1 “Nuko bene Data, ndabahanura kubg’ imbabazi z’Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi .“
Ugukorer’Imana gufis’ikimaza kuzanwa no kwiyegurir’Imana: gutanga imibiri yacu ikaba ibimazi vyera bihimbara Imana.
Abantu benshi baha agaciro ibikorwa, kandi abariko barakora ni benshi, ariko igishitura Imana n’uburyo tuyiha kugira idukoreshe.
Kuyiha navyo n’urukundo rwo nyene rubidushoboza. Tuyiyegurira kuko tuyikunze kandi tuyizeye, tukemera kubaho ubuzima aho twemera kutabaho twinezereza ariko tunezereza Imana mû kuyubaha no kuyumvira muri vyose.
Dusab’Imana umutima uyikunze udusunikira kuyiyegurira!
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO