Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Ibituma dukeneye urukundo rw’Imana mu buzima bwacu. Igice ca 1  
1. Nirwo rutuma ivyo dukora bigira agaciro.
1 Ab’i Korinto 13:1-3 Naho novuga indimi z’abantu n’iz’ abamarayika, ariko ntagira urukundo, noba ncitse umuringa uvuga, cank’ icuma kivuzwa kigasama. 2 a Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkamenya amabanga yose, n’ubgenge bgose, kandi naho nogira ukwizera kwose, ngashobora gukurah’ imisozi, ariko ntagira urukundo, noba nd’ ubusa. 3 b Kandi naho notanga ivyanje vyose, ngo ngaburire aboro, kandi naho notanga umubiri wanje ngo nturirwe, ariko ntagira urukundo, nta co vyommarira.”
Hari ibiboneka imbere y’abantu nk’ibintu bikomeye ariko imbere y’Imana ivyo bintu bigira agaciro ar’uko vyakuzwe mû rukundo.
Imana niyo yonyene imenya impavu iri inyuma y’ivyo dukora.
Imana idushoboze kugira ico twokora cose tugikoreshwe n’impamvu imwe gusa ikomeye imbere yayo ariyo” urukundo “.

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Loading