Shalom!
Ibituma dukeneye ko ijambo ry’Uhoraho riza ku buzima bwacu. Igice ca 2:
2. Riduha ubuzima.
Matayo 4:4 “Aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.“
Ijambo rivuye mu kanwa k’Imana rizanana ubushobozi bwo gutuma ibintu biba.
Niryo ryatumye Mariya asama inda ya Mpwemu Yera ari inkumi itigeze kumenya icitwa umugabo
Luka 1:34-37 “Mariya abaza umumarayika, at’ Ivyo bizobaho bite, ko ntaramenya icitwa umugabo? 35 p Umumarayika aramwishura, ati Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bg’Isumba vyose buzogutera igitutu: ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w’Imana. 36 Kand’ umve, Elisabeti mwene wanyu na we atwaye inda y’umuhungu mu butamakazi bgiwe, uwitwa ingumba uku n’ukwezi kwiwe kwa gatandatu: 37 q kukw ata jambo rivuye ku Mana ribura ububasha.“
Iyo Imana itumye ijambo ryayo rikakirwa rizana ubugingo ku wuryakiriye.
Yohana 6:53-54 “Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni mutarya umubiri w’Umwana w’umuntu, ngo munywe amaraso yiwe, nta bugingo mwogira muri mwebge. 54 Urya umubiri wanje akanywa amaraso yanje, ni we afise ubugingo budashira, nanje nzomuzura ku musi w’iherezo.”
Twakire ubuzima duhabwa n’Ijambo ry’Uhoraho nikwo kubaho nya kubaho dukeneye.
Pasteur Cassien NIKO