Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Ibitubako iyo twahuye n’Imana.

1. Turahinduka.

Kuvayo 34:29-30 Mose amanuka uwo musozi Sinayi, afise mu minwe vya bisate vyompi birikw Ibishinga intahe; kand’ aho yamanuka uwo musozi ntiyar’ azi yuko mu maso hiwe haca ibibatsi kubg’ Uwo bahora bakebukana. 30 Aroni n’Abisirayeli bose babonye Mose, basanga mu maso hiwe haca ibibatsi; batinya kumwegera.

Mose amaze kuduga umusozi guhura n’Imana, mû maso hiwe haciye haca ibibatsi, arakayangana kubwo kumarana umwanya n’Imana.

Iyo natwe duhuye n’Imana mû rugendo rwacu, turahinduka tukambara ubwiza bwayo.

No mû gihe ca Yesu ivyo vyarashikiye Intumwa ziwe zitatu baduganye umusozi.

Luka 9:28-29 Hanyuma y’ayo majambo, hashize imisi nka munani, ajana Petero na Yohana na Yakobo, aduga igisozi, aja gusenga. 29 Arikw arasenga, ishusho yo mu maso hiwe ihinduka ukundi, imyambaro yiwe yera derere, irakayangana.

2. Tuhakura amabanga ya kazoza.

Luka 9:30-31 Abagabo babiri bavugana na we, yari Mose na Eliya, 31 o baboneka bafise ubgiza, bavuga ivyo kuzotambura kwiwe, agira anonosorere i Yerusalemu.

Dukunde akaryo kose kaduhuza n’Imana kuko bituma ubwacu duhinduka, tukabaho dufis’amabanga ya kazoza.

Umusi mwiza! 

Pasteur Cassien NIKO 

Loading