Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom! 

Uyu musi turaba ibisabwa kugira umuntu yakire ubushobozi bwa Mpwemu yera.

1. Kugir’umutima utunganye.

Ivyakozwe n’intumwa 8:18-21 Ariko Simoni, abonye yukw abarambitswekw ibiganza vy’intumwa bahabga Mpwemu Yera, azizanira amahera, 19 ati Nanje ni mumpe ubgo bushobozi, kugira ng’ uwo nzorambikakw ibiganza az’ ahabge Mpwemu Yera. 20 Petero aramubgira, at’ Ifeza zawe ziragapfana nawe, kuk’ ugira ngw ingabire y’Imana woyironkesha amahera. 21 j Nta n’agahimba ufise, nta n’akagabane kavyo, kuk’ umutima wawe udatunganye imbere y’Imana.

Simoni umutima wiwe niwo watumye adahabwa ubushobozi bwa Mpwemu yera kuko utar’utunganye.

2. Kwizera no kwakir’isezerano. Ivyakozwe n’intumwa 2: 16&17  arikw ivyo n’ivyavuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yoweli, 17 ati Bizoba mu misi y’iherezo, ni kw Imana yagize, Nzosuka Mpwemu wanje ku bari n’umubiri bose: Kand’ abahungu n’abakobga banyu bazovugishwa nanje, N’imisore yanyu izobona ivyo yeretswe, N’abatama banyu bazorota inzozi

Ikibazo twokwibaza uyu musi : Mbega ubwo bushobozi narabwakiriye? 🙄 

Umusi mwiza!

 530 total views,  1 views today

Leave a comment