Shalom !
Ibisabwa kugira umuntu agendere mu ntambuko z’ivyasezeranywe!
1. Kumenya akaranga ko mu buryo bw’Impwemu ( identité spirituelle)
Yohana 1:19-23 “Uku ni kwo gushinga intahe kwa Yohana, ah’ Abayuda bamutumakw abaherezi n’Abalewi bavuye i Yerusalemu, ngo bamubaze, bat’ Uri nde? 20 r Na we aravyatura, ntiyahisha ukuri, aravyatura, ati Si jewe Kristo. 21 s Baramubaza, bati None se bimeze bite? Uri Eliya? Ati Si ndi we. Bat’ Uri wa muntu avugishwa n’Imana? At’ Oya. 22 Baramubaza, bati Non’ uri nde, ngo tuje kwishura abadutumye? Kuri wewe wivuga ute? 23 t Ati Nd’ ijwi ry’usemererera mu bugaragwa, ati Ni mugorore inzira y’Uhoraho, nk’uk’ uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze.“
Kumenya akaranga kiwe ko mu buryo bw’impwemu kwamushoboje guha inyishu itomoye abariko baramwitiranya.
Iyo umuntu azi akaranga kiwe ko mu buryo bw’Impwemu, bituma abaho ubuzima bwo kudatakaza umwanya ariko ivy’akora vyose abikora yisunze ic’ari.
Yohana umusi yahura na Yesu ubwa mbere yamenye ko akwiye kumushingir’intahe aca arabikora.
Yohana 1:29-30 “Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukurah’ icaha c’abari mw isi. 30 z Uyo ni we navuze, nt’ Inyuma yanje hazoza umuntu yar’ uw’ imbere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho.“
Imana itwugurure amaso tumenye akaranga kacu ko mu buryo bw’Impwemu, dushobore gukora ivyo twaremewe.
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO