Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom !  
Ibisabwa kugira umuntu agendere mu ntambuko z’ivyasezeranywe. Igice ca 2:  
2. Kugumiz’umutima ku vyasezeranywe .
Abaheburayo 10:23 Tugumye ukwatura ivyizigiro vyacu ntikunyiganyige, kuk’ uwasezeranye ar’ uwo kwizerwa ,”
Kumenya ivyasezeranywe ntikibuza ko ubu buzima butuzanira ibintu vyinshi binyuranye n’ivyo twari twiteze kugira ducik’intege, dutakaze ukwizera, tuvuge nabi,…
N’ubwo bimeze ukwo tusabwa kwama twatura ivyizigiro vyacu dufise ku Mana yasezeranye kuko tuzi ko Imana yacu ar’iyo kwizerwa. Ntitwemere kunyiganyizwa n’ivyo tubonesha amaso ariko tugumane ukwizigir’Imana muri vyose.
Habakuki 3:17-18 Nah’ umusukoni utoshurika, Canke n’imizabibu ngw igire ico yama, N’icimburo c’imyelayo kikabura, N’imirima ntiyere indya na mba, N’umukuku ugahenebera mu ruhongore,
Ntihabe hakigira n’inka mu rugo: 18 o Na ho nyene jewe nzonezererwa Uhoraho, Mpimbarwe n’Imana y’agakiza kanje.

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Receive Jesus
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit

Loading