Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Uyu musi tugiye kuraba ibisabwa kugira ububasha bwa Yesu budukoreremwo:

1. Kubwakira.

Yohana 1:12″Arikw abamwakiriye bose yabahaye ububasha bgo gucika abana b’Imana , ni bo bizeye izina ryiwe,”

Iyo twakiriye Kristo muri twebwe tuba twakiriye ububasha bwiwe kuko Kristo aca akorera muri twebwe biciye kuri Mpwemu yera.

2. Gukura.
Abo i Galatiya 4:1-2 Ariko mvuga yuko samuragwa, iy’ akir’ umwana, ata co atandukanako n’umugurano, nah’ ari we nyen’ ibintu vyose. 2 Arikw aganzwa n’abamuzigama n’ababgiriza kugeza mu kibariro cashinzwe na se.

Iyo twakiriye Yesu ububasha bwiwe buratuzamwo mugabo ntibuba bugaragara. Birasaba ko dukura mû kumenya kugira dutandukanye iciza n’ikibi biciye mw’ijambo ry’Imana no kwakira ubwenge (sagesse) kugira tumenye ingene dukoresha ubwo bubasha muri twebwe.

3. Kubukabura.
Ivyakozwe n’intumwa 3:6-8 Petero aramubarira at’ Ifeza n’izahabu nta vyo mfise, arikw ico mfise ndakiguha: mw izina rya Yesu Kristo Umunyanazareti, va hasi utambuke . 7 Maz’ amufata ukuboko kw’i buryo, amukura hasi: ako kanya ibirenge vyiwe n’ingingo zavyo bica birakomera, 8 d arabaduka arahagarara, atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka yitera hejuru, ahimbaza Imana:

Ubushobozi bugaragazwa n’ibikorwa nk’uko n’ukwizera kugaragazwa n’ibikorwa.

Birasabwa ko natwe ububasha buturimwo buja ahabona kuko Kristo abuduha mû ntumbero yo kwubaka no gukomeza Ishengero ryiwe.

Ikibazo twokwibaza uyu musi. Mbega ububasha bwa Kristo ndiko ndabugaragaza gute?

Umusi mwiza !  

Pasteur Cassien NIKO  

Loading