Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom !  

Turangiza iri yinga, turabe ibisabwa kugira tugume mu ubuhungiro bw’Imana ishobora bwose.

1. Kuguma mu rukundo rw’Imana.

Yohana 15:9-11 Nk’uko Data yankunze, ni ko nanje nabakunze: ni mugume mu rukundo Dwayne. 10 g Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe .
11h Ivyo mbibabgiye, kugira ng’umunezero wanje ube muri mwebge, kandi n’umunezero wanyu wuzuzwe.

2. Kuguma mu rugo canke uruzitiro rw’Imana.

Umusiguzi 10:8b  kand’ umena urugo inzoka izomukomora .” Iyo umuntu akoz’icaha aba yugururiye urugi Satani ariwe agereranywa n’inzoka nayo ntireka kumukomora.

3. Kumenya ubushobozi bw’izina rya Yesu no kubukoresha mu rugamba rw’impwemu rwa buri musi.

Imigani 18:10  Izina ry’Uhoraho n’umunara ukomeye: Umugororotsi awirukiramwo, akaba amahoro.

Ku neza yacu twame dusuzuma uko bukeye uko bwije ko tutikuye mu kibanza c’ubuhungiro bwacu nikwo gukomera kwacu.

Week-end nziza!

Pasteur Cassien NIKO

 552 total views,  1 views today

Leave a comment