Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom !  

Ibiranga ugushingwa neza mu kutanyiganyiga ! Igice ca 4 & 5.
3. Kutava ku ngingo nziza yafashwe kubera igitsure c’umuntu akomeye!
Daniyeli 3:16-19 Shaduraka na Meshaki na Abedunego bishura umwami Nebukadineza, bati Ntiturinda kugira ico tukwishura kur’ iryo jambo. 17 e Asangw’ ari ko bimeze, Imana yacu dusavye ishobora kudukiza mur’ iryo tanure ry’umuriro uhinda; kandi ntiyobura kudukiza mu kuboko kwawe, mugenzi. 18 f Ariko naho bitoba birtyo, umenye mugenzi, ko tutosaba imana zawe, canke ngo dusenge ico gishushanyo c’izahabu wahagaritse.19 Maze Nebukadineza uburake buca buramusaza, mu nyonga hiwe harahindurira, atera igitsure Shaduraka na Meshaki na Abedunego : agera ko bakomanya itanure ngo rirushe uko ryahora ryaka ibihetangabo ndwi.”
Aba basore batatu baranse gusenga igishushanyo ca Nebukadineza , ntibatinya igitsure n’ishavu ryiwe, bemera gutererwa mw’itanure ry’umuriro nawo nyene ntiwatumye banyiganyiga.
Ukwo gushingwa mu kutanyiganyiga, nikwo kwatumye umwana w’Imana amanuka abana nabo mu muriro, ntibasha, basohoka n’impuzu zabo ata n’akarangu k’umuriro kabumvikanako. Imana yabo ishirwa hejuru kuko bahaze mu kutanyiganyiga. V24-30
Kwemera guhagarara mu kutanyiganyiga bikora ku mutima w’Imana ikaza igakora ibikomeye kuko iba ironse akaryo ko kwigaragaza!
5. Kudahinduka mubi kubera ibihe.
Yobu 2:3 Uhoraho abaza Satani, ati Mbega witegereje umusavyi wanje Yobu, yukw ata wuhwanye na we mw isi, ar’ umuntu atunganye w’umugororotsi, anyubaha, akitandukanya n’ikibi? Erega yakomeje ukugororoka kwiwe gushitsa n’ubu , naho wanteye kumugeseza ata co ndamuhoye.
Ibibazo yobu yagize vyari vyoroshe ko aca arwara ihahamuka, kuko yabuze ibintu vyinshi mu mwanya muto kandi atari avyiteze.
Ariko Yobu yakomeje ukugororoka kwiwe ntiyigeze anyiganyiga ngo ibihe bibi bimuhindure umuntu mubi.
Yarafise ukwizigir’Imana kutanyiganyiga nawe aba umuntu atanyiganyizwa
Reka natwe dushingwe neza mu kwizirira Uhoraho, ntituzonyiganyizwa n’ibihe vy’ubuzima vyama biriko birahindagurika.
Zaburi 125:1 Abizigiye Uhoraho bameze nk’umusozi Siyoni
Udashobora kunyiganyizwa, ariko wama ushimangiye gushitsa ibihe bidashira.

 

Week-end nziza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading