Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Ibiranga ugushingwa neza mu kutanyiganyiga. Igice ca 3 
3. Guharanira ko izina ry’Imana rishirwa hejuru .
1 Samweli 17:45-47 Dawidi yishura uwo Mufilisitiya, at’ Uje kundwanya ufise inkota n’icumu n’agakobero, ariko jewe nje kukurwanya mw izina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo, Imana y’ingabo z’Abisirayeli wacokoye. 46 r Uyu musi Uhoraho arakugabuye mu maboko yanje; ngira nkwice, nguce izosi; kand’ imivyimba y’ingabo z’Abafilisitiya ngira ndayigaburire ibisiga vyo mu kirere n’ibikoko vyo mw ishamba, kugira ngw isi yose imenye ko mu Bisirayeli har’ Imana; 47 s kand’ iri koraniro ryose rimenye yuk’ Uhoraho adakirisha inkota cank’ icumu, kukw intambara ar’ iy’ Uhoraho, kandi ni we agira abagabure mu maboko yacu.
Dawidi kuko yari ashinzwe mu kunywana n’Imana gukomeye ntiyihanganiye ko Imana icokorwa n’intakebwa nka Goliyati. Yaciye aja guhangana nawe aramwica, Imana ya Isirayeli ishirwa hejuru mu gihe ingabo za Sawuli zari zananiwe.
Ic’Imana yubatse muri twebwe ni mu ntumbero yo kuyihagararira no mu bihe icubahiro cayo kigeramiwe, tugahagarara nk’abahizi, Imana ikadukoresha mu ntumbero y’uko izina ryayo rishirwa hejuru.
Yohana 15:7 -8 Ni mwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebge, musabe ico mugomba cose, kizobabera kuno. 8 f Mur’ ivyo Data arashimagizwa, ni mwama cane, kandi mukaba abigishwa banje.

 

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Loading