Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom ! 
Ibiranga ugushingwa neza mu kutanyiganyiga. Igice ca 2 
2.*Kudaterw’ubwoba n’ibitey’ubwoba
Ivyakozwe n’intumwa 28:3-6 Ariko Paulo amaze gusenya umuganda w’inkwi, arazikomanya, inzoka iva mu muriro, imukomora ku kuboko. 4 Abo badebaguzi babonye ico gikoko cenena ku kuboko kwiwe, baravugana, bat’ Uyu muntu ntabuze kuba umwicanyi; kandi naho yakize ikiyaga, Idaca urwa nkunzi ntimukundiye kw abaho. 5 b Arikw akunkumurira ico gikoko mu muriro, ntiyagira ic’ aba. 6 c Ba bandi barereka kw avyimba, canke kw agwa bukumbi: ariko bamara umwanya munini babireretse, babonye ata co abaye, barahindura, bati N’imana.
Hano tuboba Pawulo inzoka imukomora ari mu kizinga citwa Melita imbere y’uko bashika i Roma. Inzoka ni igikoko abantu benshi batinya, ariko tubona Pawulo akukumurira iyo nzoka mu muriro kandi ntiyagira ic’aba, aguma atekanye.
Pawulo yar’ashinzwe mu kutanyiganyiga kuko yahaye agaciro ic’Imana yari yavuganye nawe vyo gushika i Roma no guhagarara imbere ya Kayisali.
Ivyakozwe n’intumwa 27:23-24a Kuko mur’ iri joro umumarayika w’Imana, nd’ uwayo, kandi ni yo nkorera, yahagaze i ruhande yanje, 24 g arambgira, ati Nta co utinya, Paulo; ukwiye guhagarara imbere ya Kayisari,
Paulo yahagaze kuco Imana yari yamubwiye agihagararako atanyiganyiga. Ivyaza kwitamwo vyo gukomorwa n’inzoka ntivyashoboye kumuter’ubwoba kuko nta gahunda yo gupfa yarazi, yahaye agaciro gahunda yo gushika i Roma Imana yari yamubwiye.
Reka natwe duhe agaciro ic’Imana itubwira kurusha ic’ivyitamwo bitey’ubwoba biza bivuga, nikwo gushingwa mu kutanyiganyiga.

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Loading