Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom ! 
Ibiranga ugushingwa neza mu kutanyiganyiga. Igice ca 1 
1. Amajambo y’ivyizigiro niyo akanwa kavuga .
Abaroma 8:35-39 Ni nde azodutandukanya n’urukundo rwa Kristo? Mbega n’amarushwa, canke n’ivyago, canke n’uguhamwa, canke n’inzara, canke n’ukwambara ubusa, canke n’ukuba mw irinde, canke n’inkota? 36 a Nk’uko handitswe,ngo Twirirwa twicwa, bakuduhora,Twagereranijwe n’intama z’imbagwa.37 b Ariko mur’ ivyo vyose turushishwaho kunesha n’uwadukunze. 38 Kuko mmenye neza ntabikekeranya yuko naho rwoba urupfu, cank’ ubugingo, cank’ abamarayika, cank’ abaganza, cank’ ibiriho, cank’ ibizoba, cank’ abafise ubushobozi, 39 cank’ uburebure bg’igihagararo, cank’ uburebure bg’amajepfo, cank’ ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu.
Pawulo yari yarashinzwe mu kutanyiganyiga ku buryo amajambo yamuva mu kanwa yavuga ko ata kintu na kimwe comutandukanya n’urukundo rwa Kristo.
Ikibazo twokwibaza uyu musi : mbega iyo dushikiwe n’amarushwa, ivyago, inzara, ukwambara ubusa, kuba mw’irinde,…., turumva twohagarara dushikamye nka Pawulo?
Dusaba Imana idushoboze gushingwa neza mu kutanyiganyiga.

 

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Loading