Shalom!
Ibiranga ubwinshi bw’ubushobozi Imana ikoreshereza mû bizera. Igice ca 4.
4. Dushobora gukora nk’ivyo Kristo yakora.
Ivyakozwe n’Intumwa 9: 36-42 “Kand’i Yopa har’ umwigishwa yitwa Tabita, risobanurwa ngo Doruka: r uwo mugore yari n’ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bginshi yagira. 37 Mur’ iyo misi ararwara, arapfa: bamaze kwuhagira ikiziga, bagishira mu nzu yo hejuru. 38 Kandi kukw i Luda hari hafi y’i Yopa, abigishwa, bumvise ko Petero ari yo ari, bamutumakw abantu babiri, bamwinginga, bati Ntutebe kudushikira. 39 Petero arikora, ajana na bo: ashitseyo bamujana muri ya nzu yo hejuru, abapfakazi bose bahagarara i ruhande yiwe barira, berekana amapfundo n’imitamana Doruka yapfunditse akiri muri bo. 40 s Petero arabataramura bose, arapfukama, arasenga; maz’ ahindukirira umuvyimba, ati Tabita, vyuka. Arakanura; maz’ abonye Petero, aravyuka, aricara. 41 t Amufata ukuboko, aramuhagarika. Maz’ ahamagara abera n’abapfakazi, amubaha ari muzima. 42 Bimenyekana i Yopa hose, benshi bizera Umwami Yesu.“
Nk’uko Yesu yazuye Lazaro, Petero nawe yavyuye Tabita yamaze gipfa amuha abapfakazi bariko bararira ari muzima.
Iragi Yesu yasigiye abizera ni ugukora nk’ivyo yakora ndetse n’ibibiruta mu gihe ivyo bokora bizoba arivyo gutuma izina ry’Imana rishirwa hejuru.
Yohana 14:12-13 “N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Unyizera, ibikorwa jewe nkora na we azobikora: kand’ azokora ibibiruta, kuko jewe ngiye kwa Data. 13 h Kand’ ico muzosaba cose mw izina ryanje nzogikora, kugira ngo Se ashimagizwe mu Mwana.“
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO