Shalom !
Ibiranga ubwinshi bw’ubushobozi Imana ikoreshereza mû bizera. Igice ca 3
3. Dukirira aho abandi bariko barapfira.
1 Abami 16:2-9 “Hanyuma ijambo ry’Uhoraho rimuzako, 3 riti Va hano ugende werekeye i burasirazuba, winyegeze ku mugezi Keriti, ahahera i burasirazuba bga Yorodani. 4 Uzohora unywa ku mazi yawo, kandi nageze ibikona ko bizohora bikugaburirirayo. 5 Nukw aragenda, agira nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryamubariye, aja kur’ uwo mugezi Keriti, ahahera i burasirazuba bga Yorodani, agumayo. 6 Ibikona bikama bimuzanira umutsima n’inyama uko bukeye, mu gitondo no ku mugoroba; kand’ akama anywa amazi kur’ uwo mugezi. 7 Igihe kiragera uwo mugezi urakama, kukw ata mvura yagwa mur’ ico gihugu“.
Eliya arungikwa i Zarefati ku mupfakazi
8 Maz’ ijambo ry’Uhoraho rimuzako, 9 b riti Va hasi, uje i Zarefati mu ntara y’Abasidoni, abe ari ho uba; raba ngeze umugore w’umupfakazi waho kuzokwama akugaburira.“
Igihe hâtera uruzuba rw’imyaka itatu n’igice muri Isirayeli, Eliya yazigamiwe ku kagezi Keriti, agemurirwa n’ibikona, ako kagezi gakamye, ategura umupfakazi wo kumutunga kugeza ico cago giheze.
Ubushobozi bw’Imana ikoreshereza mû bizera butuma ataho Imana itotungira umuntu, kandi butuma ikoresha abantu n’ibintu umuntu atokwiyumviriye kugira igaragaze ko ari Imana igenzura ibihe kandi ikoresha ivyo yaremye uko ishatse.
Reka natwe ubwo bushobozi bwigaragaze kugira indimi zose zature ko Yesu Kristo ari Uhoraho.
Abo i Filipi 2:9-11 “Ni co catumye Imana imushira hejuru cane, ikamuha rya zina rirengeye ayandi mazina yose: 10 g kugira ngw amavi yose az’ apfukame mw izina rya Yesu, ay’ ivyo mw ijuru n’ay’ ivyo kw isi n’ay’ ivy’ i kuzimu, 11 kand’ indimi zose zize zature yuko Yesu Kristo ar’ Uhoraho, ngo biheshe Imana Data wa twese icubahiro.“
Umusi mwiza !
Pasteur Cassien NIKO