Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom ! 

Ibiranga ubwinshi bw’ubushobozi Imana ikoreshereza mû bizera. Igice ca 2  
2. Satani atubura atubona.
Luka 4:28-30 Abo mw isinagogi bose bumvise ivyo barashungumirwa, 29 bava hasi, baramushika bamukura mu gisagara cabo, bamujana ku manga y’umusozi wubatswekw igisagara cabo, ngo bamutembagarizeyo: 30 arikw aca hagati muri bo, arigira.
Yesu ahejeje kuvuga ubuhanuzi Yesaya yamuvuzeko ko bushitse 4: 17-21, abari mw’isinagogi bamwe baramushimye abandi buzura ishavu.
Baca bashaka kuja kumwica mû kumutembagariza mû manga. Kubera kitari igihe ciwe co gupfa, ubushobozi bw’Imana bubahuma amaso, Yesu abaca hagati arigira.
Hari ubushobozi bw’Imana buturinda ifuhe rya Satani, hari igihe tubimenya n’igihe tutabimenya. Turarinzwe ku buryo ata kintu copfa kudushikako atari Imana ikirekuye, kiretse twakoze ivyaha bikadukurako ubwo burinzi.
Zaburi 34:7 Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’abamwubaha,
Akabarokora.

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Receive Jesus
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit

Loading