Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom! 
Ibiranga ubwinshi bw’ubushobozi Imana ikoreshereza mû bizera. Igice ca 1:   
1. Satani yama yisanga yacerewe!
Matayo 2: 13-16 Bamaze kugenda, umumarayika w’Umwami Imana yiyerekera Yosefu mu nzozi, aramubgira, ati Vyuka, ujane umwana na nyina, uhungire muri Egiputa, ugumeyo gushitsa aho nzokubaririra, kuko Herode agira arondere umwana ngw amwice. 14 Ahenga mw ijoro aravyuka, ajana umwana na nyina, aja muri Egiputa, 15 f agumayo gushitsa Herode amaze gutanga, ngw ivyo Umwami Imana yavugiye mu wavugishwa na we bishike, ngo Nahamagaye umwana wanje ngw ave muri Egiputa.
 
Herode ageseza abana b’i Betelehemu
 
 16 Maze Herode abonye ko yahenzwe n’abo banyabgenge, arajingitwa cane. Atuma kugeseza abana b’abahungu bose b’i Betelehemu no mu misozi yose ihakikije, abamaze imyaka ibiri n’abatarayimara, yagerereje igihe yasigurije abanyabgenge.
Igihe Yesu yavuka, Satani yakoreye muri Herode yica abana bose b’abahungu i Betelehemu bafise imyaka ibiri n’abatarayikwiza mû ntumbero yo kugira Yesu apfane n’abo bose.
Ariko Imana yari yamaze guhungisha Yesu kera, ivyo biza kuba ari muri Egiputa, Satani yisanga yacerewe.
Iki ni kimwe mû bushobozi Imana ikoreshereza mû bizera, iyo dusenga Imana iratuburira ikatubwira n’ico gukora. Twame twumvira Imana Satani azokwama yisanga yacerewe mû migambi yiwe mibi.

 

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Receive Jesus
Receive forgiveness
Receive eternal life
Receive the gift of the Holy Spirit

Loading