Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom ! 
Ibiranga ubwami bw’Imana. 
1. Hakorwa ivy’Imana igomba.
Matayo 6:10 ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru .
Iyo Kristo amaze kwakirwa mû mutima w’umuntu, amushoboza gukora ivy’Imana ishaka, ivyo Imana iba yaramuteguriye imbere yo kumurema no kumurungika kw’isi.
Abanyefeso 2:10 Kuko tur’ ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo .
Iyi si twese tuyicako turengana, dukwiye kwitwararika gukora ic’Imana yipfuza ko dukora kuko tuzotanga rapport dusubiye ku Mana yari yaduhaye aka karyo ko kubaho.
Isengesho ryacu n’uko ivy’Imana yateguye kera yodushoboza kubirangura.

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading