Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom ! 

Dukomeze kwiga ku biranga inzira y’Imana( igice ca 2)

Inzira y’Imana ihererezo ryayo ni ryiza!

Itanguriro 41:39-41 Farawo abarira Yosefu, ati kw Imana ikweretse ivyo vyose, nta wundi munyabgenge w’umuhanga muhwanye; 40 p nguhaye kugaba urugo rwanje, kand’ abantu banje bose baze bumvire ico uzovuga: ku ngoma yanje yonyene ni ho nzogusumba. 41 q Kandi Farawo yungamw’ abarira Yosefu, ati Raba nguhaye kugaba igihugu cose ca Egiputa.

Inzira Yosefu yaciyemwo yari igoye( kugurishwa, kwangazwa, gufungirwa ubusa, kwibagirwa, guhemukirwa,….)

Ariko kubera ko yari inzira y’Imana, iherezo, iyo nzira yamushikanye kuvy’Imana yari yaramubwiye akiri muto.

Igihambaye s’ivyo duhura mû nzira, igihambaye n’aho inzira turimwo iriko iratujana.

Zaburi 25:10 Inzira zose z’Uhoraho n’imbabazi n’ukuri Ku bitondera isezerano ryiwe n’ibishingantahe vyiwe.

Ico duhamagarirwa n’ukudahemuka nk’uko Yosefu atigeze ahemuka, ibisigaye Imana n’iyo kwizigirwa , ukuri kwayo kuzogaragara. Igihe kigeze tuzotangarira Imana ukuntu inzira zayo ari nziza!

Zaburi 118:23 Ivyo vyavuye k’Uhoraho, Kandi n’igitangaza mu maso yacu.

Umusi mwiza ! 

Pasteur Cassien NIKO 

Loading