Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Ibiranga igihe c’Imana

Shalom!

Ibiranga igihe c’Imana:

  1. Ubwigenge bw’Imana ku bantu no ku bintu.

Luka 19:29-35Ageze hafi y’i Betifage n’i Betaniya, ku musozi witwa Elayono, atuma babiri bo mu bigishwa, 30 arababarira, ati Muje mur’ iriya mihana ir’ imbere yanyu, ni mwayishikamwo, murabona inyana y’indogoba iziritse, ata muntu yigeze kuyigenderako: muyiziture muyizane. 31 Kandi ni hagira ubabaza, ati N’iki gitumye muyizitura? Mumwishure, muti Databuja ni we ayigomba. 32 Abatumwe baragenda, babisanga uko yabibabgiye. 33 Bariko barazitura ya nyana y’indogoba, bene yo barababaza, bati Ko muzitura iyo nyana n’iki? 34 Barabishura, bati Databuja ni we ayigomba. 35 Bayizanira Yesu, bayishirakw impuzu zabo, bayiterekako Yesu.

Hano tubona Yesu atumako inyana y’indogoba kwa nyeneyo kandi akoresheje ububasha afise ku bintu kuko yatumye ko babwira nyeneyo ko ayikeneye gusa.

Kandi bene yo bumvise iryo jambo nta kindi basubijeyo, barubashe. Yesu nawe yabikoze kuko cari igihe ko ivyanditswe bishika.

Zekariya 9:9Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sesereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Raba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.

Iyo igihe c’Imana kigeze Imana ikorera mu rundi rugezo rw’ubwigenge, igakura ibintu aho ishatse ikabishira aho ishatse no ku bantu ishatse, nta wuyihaririza kuko Imana iganza vyose!

Ic’umwana w’umuntu asabwa n’ukwumvira ic’Imana ivuga nk’uko abigishwa bumviye Kristo. V30″arababarira, ati Muje mur’ iriya mihana ir’ imbere yanyu, ni mwayishikamwo, murabona inyana y’indogoba iziritse, ata muntu yigeze kuyigenderako: muyiziture muyizane .”

Iman’idushoboze kwumva ic’ivuga tugikore mu gihe cayo!

Umusi mwiza !

Pasteur Cassien NIKO

Loading