Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom!

Ibiranga igihe c’Imana. ( igice ca 3)

3. Imana ikoresha ibintu n’abantu bitari vyitezwe!

1 Abami 17:2-6″Hanyuma ijambo ry’Uhoraho rimuzako, 3 riti Va hano ugende werekeye i burasirazuba, winyegeze ku mugezi Keriti, ahahera i burasirazuba bga Yorodani. 4 Uzohora unywa ku mazi yawo, kandi nageze ibikona ko bizohora bikugaburirirayo. 5 Nukw aragenda, agira nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryamubariye, aja kur’ uwo mugezi Keriti, ahahera i burasirazuba bga Yorodani, agumayo. 6 Ibikona bikama bimuzanira umutsima n’inyama uko bukeye, mu gitondo no ku mugoroba; kand’ akama anywa amazi kur’ uwo mugezi.”

Igihe c’Imana kigeze Imana itegeka n’ibikoko gukora ico bitokoze! Ibikona bikunda inyama, ariko Imana ibitegeze aho kuzirya vyarazigemuriye umukozi w’Imana.

Imana kandi yakoresheje agafu n’utuvuta tw’umupfakazi kugira igaburire uyo nyene Eliya.

I Abami 17:8-9″Maz’ ijambo ry’Uhoraho rimuzako, 9 b riti Va hasi, uje i Zarefati mu ntara y’Abasidoni, abe ari ho uba; raba ngeze umugore w’umupfakazi waho kuzokwama akugaburira .”

Igihe c’Imana kigeze Imana ishobora gucisha inyishu y’umuntu ku bantu batokwiyumvirwako boshora gukoreshwa n’Imana.

Bisaba kuba maso, kwumva ijwi ry’Imana, kwizera, guca bugufi no kwumvir’Imana ugakora nk’uko ivuze utabanje kuyihaririza.

Igihe nk’iki Imana iturememwo umutima nk’uyu, wumva ijwi ry’Imana, wizera, uciye bugufi kandi wumvira!

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading