Skip to content Skip to sidebar Skip to footer

Shalom!

Ibiranga igihe c’Imana ( igice ca 2)

  1. Nta gishibora kugihagarika .

Luka 19:36-40Arikw aragenda, basasa impuzu zabo mu nzira. 37 Agira ashike, ageze ku kamanuko k’umusozi wa Elayono, ishengero ryose ry’abigishwa ritangura kunezerwa no guhimbaza Imana n’ijwi rirenga, bayishimira ibitangaza babonye vyose, 38 m bati Hashemezwe Umwami, aje mw izina ry’Uhoraho, Amahoro abe mw ijuru, Icubahiro kibe ahasumba ijuru. 39 Abafarisayo bamwe bo mw ishengero baramubarira, bati Mwigisha, zibiza abigishwa bawe. 40 Arabishura, ati Ndababgire, Aba ni bahora, amabuye arasemerera.

Yesu yarashemegijwe n’ishengero risasa impuzu zabo aho Yesu ariko araca mû nzira, araririmbirwa, abafarisayo babibona kandi batabishaka kugeza aho baza gusaba Yesu ngo azibize abo bantu.

Kubera ko cari igihe c’Imana, Yesu yabishuye ko naho abantu batari kubikora , amabuye yari kubikora.

Igihe c’Imana kigeze nta gishobora kugihagarara imbere. Imana mû bwigenge bwabo ikuza uwishaka imbere y’abansi biwe.

Zaburi 23:5Untegurira ameza mu maso y’abansi banje; Wansize amavuta mu mutwe; igikombe canje kirasesekaye.”

Niko Imana yabikoze kuri Yosefu yakuwe mu gasho agirwa umushikiranganji wambere muri Egiputa, Potifari yamufungishije atagishijwe inama.

Itanguriro 41:39-40Farawo abarira Yosefu, ati kw Imana ikweretse ivyo vyose, nta wundi munyabgenge w’umuhanga muhwanye; 40 p nguhaye kugaba urugo rwanje, kand’ abantu banje bose baze bumvire ico uzovuga: ku ngoma yanje yonyene ni ho nzogusumba.

Ndakwifurije kugendererwa no gutangazwa n’igihe c’Imana ku buzima bwawe!

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading