Skip to content Skip to sidebar Skip to footer
Shalom!  
Ibiranga ibihe vyo kwibukwa. igice ca 3
3. Imana ifata mpiri abantu ikabakoresha kugira twishurwe.
Ivyakozwe n’Intumwa 11:17-18 None kw Imana yabahaye ingabire imwe n’iyo natwe twahawe hamwe twizera Umwami Yesu Kristo, jewe nd’iki gishobora gutangira Imana? 18 e Bumvise ivyo barihorera, bahimbaza Imana, bati Noneho rer’ Imana ihaye n’abanyamahanga kwihana ngo baronke ubugingo.
Petero amaze gusengera abo kwa Koruneliyo, bagahabwa Mpwemu yera bakongera bakabatizwe kandi batakebwe nk’uko umugenzo w’abayuda war’uri. Abayuda baramutonganije.
Ivyakozwe n’intumwa 11:2-3 :”Maze Petero aduze i Yerusalemu, abo mu bakebge baramutonganya, 3 b bati Ko winjiriye abatakebge, ugasangira na bo!
Petero aca aja muvyo kwisobanura ababwira ivyabaye.
Petero aravuga ko atari gushobora gutangir’Imana kubw’imigenzo.
Biboneka ko nawe ubwiwe yafashwe mpiri n’Imana imukoresha ivya nawe nyene atari bwatahura ariko akorera mû kwumvira kugira Imana ishitse ivy’ishaka ku banyamahanga.
Reka nawe Imana ifate mpiri abantu kubwo kwibukwa kwawe, ibakoreshe kugira igushikane muvyo igushakako.

Umusi mwiza!

Pasteur Cassien NIKO

Loading