Shalom!
Ibiranga ibihe vyo kwibukwa. Igice ca 1:
1. Imana iduhuza n’abantu dukeneye.
Ivyakozwe n’Intumwa 10: 23-27 “Maz’ arabinjiza, abaha indaro.
Petero aja kwa Koruneliyo
Bukeye bg’aho, Petero arikora, avanayo na bo, na bene Data bamwe b’i Yopa bajana na we. 24 Bukeye bg’aho bashika i Kayisariya, Koruneliyo yar’ abiteze, yakoranije incuti ziwe n’abakunzi bo ku mutima. 25 Petero agira yinjire, Koruneliyo aramusanganira, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramupfukamira. 26 i Maze Petero amukura hasi, ati Va hasi, nanje nd’umuntu nkawe. 27 Bakivugana , arinjira asanga abakoraniyeho benshi,”
Kubwo kwibukwa kwa Koruneliyo, Imana yahagurukije Petero mû buryo bukomeye amuhuza n’umuryango wa Koruneliyo kugira abakorere ubuntu bw’Imana bushike mur’urwo rugo naho yari umunyamahanga.
Reka nawe Imana iguhuze n’abantu ukeneye mur’iki gihe kugira bagushikane muvyo Imana igushakamwo.
Umusi mwiza!
Pasteur Cassien NIKO